Témoignage d'Emmanuel Ndereyimana / Orphelin de père (1972)

preview_player
Показать описание
Yabuze umuvyeyi mu rwimo rwo 1972, yongera arafungwa mu mwaka 2011 yagirizwa ko ari mu bateye igihugu. Ico gihe, ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwari bwipfuje kumugandagura, inyuma y'urubanza rw'ikibiriraho.
Orphelin de père en 1972, il a aussi été emprisonné en 2011, accusé d'être un rebelle. À cette époque, le pouvoir CNDD-FDD avait voulu l'éliminer, après un procès en flagrance.

Sous-titrages français
Spécial Témoignage
Parcours : Une série de 50 émissions

Рекомендации по теме
Комментарии
Автор

Yes, my brother ! We must all work together and be United Burundians as one, to be able to build our Native Country of Burundi .God bless you and bless all Burundians .

micheline.burgett.
Автор

Pole kabisa musasanje .Imana niyonkuru ubu warakunze, ariko bigoranye, ariko Imana iguhe vyinshi kandi igukingire .

micheline.burgett.
Автор

Glory be to God mr Ema.warabonye koko ukuboko kwa Imana .uzewame uyishimira

felicienvyukusenge
Автор

Emma, asante sana kwa ushaudi. uronse ubufasha urandika ako kahise/amateka. Nibaza ko vyofasha cane kugira ibintu bihinduke mu Burundi nahandi. Tele Reanaissance murakoze kandi bandanya mutohoze.

desireirambona
Автор

Pole saana Emma.Imana izokurinde aho ugeze naho uzoja hose.

ruginaolympe
Автор

Intahe nziza y’ukuntu Imana irinda abana bayo! Warahiriwe watahuye ko ari Imana yagukijije! Kandi witege n’ibindi biruta izobigukorera!

happymunezero
Автор

Bwana Emmanuel, Nunvise ubuhamya bwawekuvyo 1972, vyukuri wari ukiri umwana cane ntavyinshi wabonye, data nawe yakora muri TP Voirie, Jewe naba harya haruguru i Sororezo, ahantu tuzi hari agahengwe aho i Bujumbura hari mu Buyenzi gusa aho mu Nyakabiga niho hari isibaniro ryubwicanyi kuruta ahandi, aba tutsi babanya Rwanda naba tutsi babarundi bafatanije bakoze i bara riteye ubwoba hari aho ku ndaro yaba universite ninde yahaca ari umuhutu ngo abeho? hari akayira twajana tuja kurusengero kwi Jabe, ico gihe uhaciye ntiwagaruka twaca kuri Prince Louis Rwagasore ibarabara ryose gushika ku soko ninde muntu yize canke afise amahera yasigaye aho munya Kabiga? canke mu Bwiza ? canke Ngagara ahari abanya Rwanda?, sivyo gusa, mbe ko twaba aho hejuru yanyu ivyaba vyose mwijoro mu Nyakabiga, ninde uzi yoba yarasigaye yitwa ngo numuhutu ndetse 1993 aba san Echec bava he atari aho mu Nyakabiga na Cibitoke na Bwiza na Jabe, Narahaciye murico gihe ndi mumodoka ya Ambassade vyari biteye ubwoba mbonye uko basamburiwe amazu ama grenade yurutavanako muri joro bahiga zina muhutu, Mbe abiciwe mu mabarabara aho batangira bacanye amapine banganiki ? vile mort ibaye wari muri town kuduga baca bakwica, .Hari ikintu cambabaje cane nubu iyo ndacibutse. suko gusa abanje babishe nkuko nabivuze kare muvyo nashikirije nabonye aho haruguru kuri lycee notre dame abanyeshule babakobwa baje kubafata amajoro abiri nibuka, Baraboroga, yoooh bakaboroga nkiminota ishika 15 ntagitabara, aho narindyamye ngira agahinda cane mumutima kwunva baje kwica nabakobwa nabo, ibi nikintu nibuka canteye intuntu gushika nubu mumutima wanje Ico gihe abagore siko bakarirwa nkabagabo mukwicwa, ariko ico gihe abakobwa biga kuri iryo shule habayeho amarorerwa ateye ubwoba cane . Ishule twovuga ko ryagize mitende mu Burundi buzima rya Collge saint Esprit gusa kuko aba patiri bahora batemerera abasoda kwinjira kutwara abanyeshule, kumbure nuko hari aba patiri bera, ariko munyuma habonetse abanyeshule babatutsi bisandagaje kubandi banyeshule babahutu bararwana, abasoda baca baraza batwara abanyeshulea riko boashika kuri batanu ariko abatutsi bamwe babanyeshule bari batondanye urutonde runini rwabanyeshule baba hutu, aba patiri bava havi baravyiyama bavuga ko botwara abo bashatse kwihora mukurwana atabandi bashobora kubaha ataco bakoze. Iryo niryo shule tuzi ryakingiwe. .Nivyinshi nimutohoze muzomenya vyinshi

marcienrusuriye
Автор

Twebwe abanya Bujumbura nta probleme ndufise, nabamva ruguru babituzanira .

micheline.burgett.
Автор

Nyuma yo kuvyumviriza neza nsanga Gen. Adolphe Nshimirimana ashobora kuba yaragandaguwe azira uyu mugabo Ndereyimana hagire abandi bumviriza neza burya babantu vyavuzwe ko yoba yaraherutse gufasha guhunga mu minsi yabanjirije iraskwa ryiwe bishoboke ko ari uyu mugabo burya rero nta mwonga ubur isato iba idahizwe, naho hari abamuvugako ibibi ariko birumvikan ko hariho nabo yafashije akabagirira neza

rastajuly
Автор

Manweli wodusigurira neza icatumye papa wawe yicwa ko wumva hari urukundo I Bujumbura hari amacakubiri ruguru?

bwengejeanbosco
Автор

Uyu Mushingantahe Emmanuel Ndereyimana atanze intahe irimwo icigwa gikomeye cane .. Bref : Ntibeshe mbona yaranse l'extremisme (Hutu&Tutsi) qui gangrene notre pays malgre ubuzima yaciyemwo.
Nagira ndamusabe niba afise amakuru atomoye kurupfu rwa General Adolphe Nshimirimana akore ikiganiro .
Hanyuma nibaza ko hageze ko Abarundi twotangura kwandika ibitabo.
Tele Renaissance komera ---

fidepouepouebel
Автор

Birababaje cane, kubona population presque yose y' iBurundi ari victime yabicanyi, batazi Imana .Kandi bakica Abarundi ! Abarundi, t' urumwe, nti turi babari canke batatu . Kandi tur' abirabure twese !

micheline.burgett.
Автор

Intahe yawe ndayumvirije yose emwe ntaco ndengejeko imana irabaho ndavyemeye.

jeannshimirimana
Автор

Ego cane ! Kwumikana n' abandi nivyiza cane .Nanje nakuranje n' Abarundi, Aba zarois n' Abanyarwanda twese turi nk' umuryango .AbanyaBujumbura tumeze neza cane, nabaruguru babizana iBujumbura .

micheline.burgett.
Автор

Wewe, urazi umugabo rero yitwa Carlos, baba muri Nyakabiga 3, ubu ari Bulaya ? N' umugenzi wanje twakuranye .

micheline.burgett.
Автор

Pol
Sana
Emanwel
Igitangaj
Nuko
Wifatanyij
Nabagandaguye
Ndadaye
Nasowawe

amedendikubwayo
Автор

Nta kwirata ngo n' uku namvuye iBujumbura, kuko Abarundi n' umuryango wanje, n' abasasaza banje, n' ibene wanje, na ba niece banje, n' aba neveux banje, kandi uBurundi n' Iguhungu ciza, c' amamvukiro ya, n' Abasogokuru, n' aba sokurunza banje .Ndakunda cana Abarundi kuko nanje ndiwe, kiretse ko nd' Umuny' Amerikakazi k' Urupapuro gusa . Mumbabarire caaane naribagiye kwandika iKirundi neza, kuko namvuye iBurundi muri 1989, bamuri Senegal, hama n' imbere yaho n' abana n' Abany' Amerika kugenza uno munsi rero .Ariko sinshaka kucibagira cose .Nico gituma guma ngirageza kw' andika mu Kirundi naho ar' aramakosa . Ariko ndaca kimvunga neza cane .

micheline.burgett.
Автор

Uko nukuri mu nyakabiga twakuze tubona abantu bose ari bamwe bakundana cane

zuhuradjuma
Автор

🤣🤣🤣
Urusasu rwambere...
Prison!

Abarundi ni aba Bono kabisa🤦🏾‍♂️

burundishallsmileday
Автор

Emmanuel, weho waratomboye kuko hari abiswe abana b'abamenja pendant des années et des années.

ruzenzafamily
welcome to shbcf.ru